Petero NKURUNZIZA ahejeje gushiraho inzego ziwe zisubirira umurwi urongowe na Jérémie NGENDAKUMANA waruhejeje ikiringo cawo...
( Soma ngaha mu gifaransa)
Amakungu yama ariko arashigikira itsimbatazwa rya Demokarasi, iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu n'intwaro ibereye kw'isi...
( Soma ngaha mu gifaransa)
Ahanini, ico kiganiro cashimikiye ku kwerekana aho FRD-ABANYAGIHUGU ihagaze ku bijanye n'ikete inama
nkuru y'Abepiskopi ba Katolika baherutse gushikiriza ...
( Soma muri pdf)
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Nzero 2012, niho abagirizwa iterabwoba
n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD barengutswa ubugira kabiri mu ntahe y'icese
( Soma ngaha mu gifaransa)
Murambabarira jewe nd'umukozi wa Reta mu ntara ya CANKUZO ntipfuje kwivuga izina, nkaba ndonse akaryo ko kubandikira ndi i Bujumbura aho naje kurondera ...
( Soma ngaha mu gifaransa)
Barundi Edouard yanditse amenyesha ko ibijanye n'umutekano mu Burundi muri rusangi vyabaye akananira bahinga ...
( Soma ngaha mu gifaransa)
UMUTEKANOUmutekano nyawo n'uwo usanga inzego zijejwe kuwubahiriza arizo zikingira igihugu n'abakibamwo. Ariko uno munsi twihweje ibiriko birakorwa mu Burundi na bamwe bamwe mu bagize inzego za gisirikare na cane cane iz'igipolisi n'iziperereza, biboneka ko uwo mutekano udakwiye. Abantu baricwa hirya no hino, bakicwa n'abategerezwa kubakingira.
INTWAROIntwaro ibereye n'iyubahiriza abayishizeho kandi ikubahiriza n'ivyabo. Muri Demokarasi uwuronse ubutegetsi biciye mu matora, ategerezwa kumenya ko, baba abamutoye, baba abatamutoye, bose intwaro iguma ari iyabo. Nico gituma atwarira bose. Mu Burundi siko biri, abiyita canke abitwa ko batowe n'abarundi nibo bababoheye amaboko imugongo. Bababaye guhahamira amaronko gusa, bakiyibagiza ko ababa mu Burundi, baba abarundi canke abanyamahanga, bakeneye intwaro nziza ituma haba iterambere ribaturukako rikongera rikabagarukako.
IMIBANOAhari umubano mwiza, haba urukundo, amahoro, umunezero n'imigenderanire myiza. Imibano itsimbatazwa kandi n'ukungurana mu bumenyi n'indero, ivy'amagara hamwe n'ibindi bisaba ugufashanya. Kuri ivyo ubutegetsi bwategerezwa kubigiramwo uruhara kuva mu GACIMBIRI gushika ku rwego rw'Igihugu; ariko siko biri.